Alexei Navalny Atavuga Rumwe na Reta y'Uburusiya Yavuye muri Coma

Alexei Navalny n'umuryango wiwe mu bitaro i Berlin

Ni inkuru nziza ko Alexei Navalny, umunyapolotike akomeye atavuga rumwe na Reta mu Burusiya yavuye muri coma yashizwemo n’abaganga, muri iki gihe akaba ashobora kuvuga nkuko bitangazwa n’abaganga biwe mu gisagara ca Berlin mu Budagi.

Itangazo ryashikirijwe n’ibitaro Charite ariko avurirwamwo rivuga ko hakiri kare cane kugira ingaruka zo mu gihe kirekire kw’isumu rikaze yahawe zimenyekane.

Nalvany yajanywe n’indege mu gisagara ca Berlin avanywe mu Burusiya inyuma yuko akitswe n’amagara mu ndege yarimwo yari imuvanye mu karere ka Siberiya imujana ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou kw’italiki 20 z’ukwezi kw’umunani.

Hari inyuma yuko abaganga bo mu Burusiya babisabwe n’umuryango wiwe bamurekuriye kujanwa mu Budagi. Abaganga mu gisagara ca Berlin basanze Navalny, ari mu banebagura bikomeye prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yahawe isumu ryo mu bwoko bwa Novichok, ikigwanisho cishisha imyuka cakozwe n’Uburusiya.

Imyuma yuko abahinga mu vy’ubuvuzi b’abadagi batangaje ivyo batoye, Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burusiya, John Sullivan yasavye abategetsi b’Uburusiya gukora itohoza ry’ukuri ribaye mu muco rituma abakoze ubwo bubisha babibazwa.

Kayleigh McEnany, umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, yatangaje ko guha isumu Nalvany ari ububisha bugayitse cane. Kayleigh McEnany ati: Uburusiya bwarakoresheje iryo sumu muri kahise. Turiko dukorana n’ibihugu ducuditse hamwe n’amakungu kugira abakoze ubwo bubisha babibazwe. Tuzokwirikirana ahariho hose ivyemezo bizodushikana kandi tuzogabanya uburyo bakoresha mu bikorwa vy’ububisha.

Abanyagihugu mu Burusiya barafise uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyabo mu mahoro ata bwoba ko bashobora kumererwa nabi mu buryo ubwari bwo bwose.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, Jenerali, Jens Stoltenberg, ashimikira ku kamaro k’ugukorera hamwe, yamenyesheje ko ibihugu bigize ishirahamwe OTAN bigiye hamwe mu kwiyamiriza igitero kigayitse cakozwe kuri Alexei Navalny. Avuga ko ivyo bihugu vyasavye Uburusiya kugira uruhara mw’itohoza mpuzamakungu ataho rihengamiye kw’igeregezwa ry’ukugandagura Navalny hamwe n’ugutora ababikoze.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu bigize umurwi G7 barashikirije itangazo ryanditse risaba Uburusiya gutora bidatevye abakoze ubwo bubisha bugayitse n’ukubashira imbere y’intahe.

Iryo tangazo rivuga ko igitero cakozwe kuri Navalny kiri mu bindi bintu bizogira ingaruka zikomeye kuri demokrasi n’uguhiganwa hagati y’imigambwe myinshi mu Burusiya. Iryo tangazo rivuga ko amakungu azobandanya gukwirikiranira hafi ukugene Uburusiya buzokwishura ku kamo katawe n’amakungu kerekeye insiguro kw’isumu ryahawe Navalny.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, asubiramwo ivyatangajwe n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umurwi G7, yatangaje ko igitero cakozwe kuri Navalny giciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu aziririza ikoreshwa ry’ibirwanisho vyishisha imyuka