Accessibility links

Breaking News

Amasezerano mu vy'Ukwivuna Abansi Hagati y'Amerika n’Ubuhindi


Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubuhindi vyarateye igikumu ku masezerano mashasha y’ugufashanya mu vyerekeye kwivuna abansi. Ayo masezerano yateweko igikumu mu rugendo umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, aheruka kugira mu Buhindi ari kumwe n’umushikiranganaji ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper. Ayo masezerano azorekurira igisirikare ca Amerika n’ic’Ubuhindi gusangira amasanamu y’amakarata na satellite. Ivyo bikazokomeza ugukorana hagati y’ivyo bihugu 2.

Mike Pompeo avuga ko Amerika n’Ubuhindi biriko bikomeza ugukorana hagati yavyo bifatiye ku bibazo biterwa n’umugambwe wa gikomunista w’Ubushsinwa. Pompeo ati: Abayobozi n’abanyagihugu bacu batera babona neza krushiriza ko umugambwe wa gikomunista mu Bushinwa udacuditse na demokrasi, ubutegetsi bugendeye ku mategeko, gukorera mu muco hamwe n’uburenganzira bw’ukugira uruja n’uruza mu mazi y’ibahari Pasifike, inkingi y’ubwigenge n’iterambere y’akarere gaturiye Indoneziya na Pasifika.

Umushikranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Mike Esper, avuga ko mu gihe amakungu ahanganye n’ikiza ca Covid-19 n’ibindi bibazo bijanye n’umutekano, ugukorana hagati ya Amerika n’Ubuhindi birakomeye cane kuruta imbere yaho mu mugambi w’ukwubahiriza umutekano n’iterambere ry’akarere n’amakungu:

Esper avuga ati: Inyuma y’imyaka 15 habaye amasezerano ya mbere y’ugukorana mu bijanye n’umutekano hagati ya Amerika n’Ubuhindi, imigenderanire hagati y’ivyo bihugu n’inkingi ikomeye y’imigenderanire rusangi hagati y’izo mpande zibiri.

Bifatiye ku mugambi n’inyungu bisangiye, ivyo bihugu birakorera hamwe mu vyerekeye gudshigikira akarere ka Indoneziya na pasifika kigenga kandi kuguruye kuri bose, cane cane umuntu aravye ibikorwa vy’agasomborotso n’uguhungabanya umutekano bitera vyviyongera vy’Ubushinwa.

Mark Esper avuga ko Reta zunze ubumwe za Amerika zarasubiye kwiyemeza ku vhyerekeye gukorera hamwe n’Ubuhindi mu bijanye n’umutekano hamwe n’ukuganira uburyo bw’ukwagura ugukorana mu vyerekeye umutekanao mu karere haba mau vya girikare canke mu bucurizi bujanye n’ivy’ukwivuna abansi. Ivyo birimwo ugukorana mu vy’ukwivuna abansi gutera kwiyongera mw’sibahari Indien, mu karere ko mu bumanuko buhsira ubuserukso bwa Aziya no mu karere kose gaturiye Indoneziya n’ibahari ya Psifika.

Ukwiyongera kw’ugufashanya mqu vy’ukwivuna abansi hagati ya Amerika n’Ubuhindi vybonekeje mu myimenyerezo iherutse kauba hagati y’igisirikare kirwanaira amzu mazi c’Ubuhindi n’igisirikare ca Amerika gikoresheje ubwato butwara indege z’ingwano, USS Nimitz. Vyongeye, Amerika yarahanahanye amakuru yerekeye ivya gisirikare n’Ubuhindi, ikaba irirko ikora kugira ishirehob uburyo bw’ugusangira amakuru mashasha ku vyerekeye kurwanya abakoresha ivyuma nyabwonko kugira bakore ubugizi bwa nabi hamwe n’ukwongereza ugufashanya mu vyerekeye gukorera mu kirere kugira ivyo bihugu bihangane n’ibibazo biriko vyibonekeza muri iki gihe.

Ugukorana hagati ya Amerika n’Ubuhundi, ibihugu bikomeye cane mu bijanye na Demokrasi kurusha ibindi kw’isi kubandanya gukomera n’ukwiyongerara cane.

XS
SM
MD
LG