Accessibility links

Breaking News

Amasezerano y'Amahoro Aheruka Guhagarikirwa na USA Azohora Yibukwa


Perezida w'Amerika Donald Trump
Perezida w'Amerika Donald Trump

Mu kiringo kiri musi y’ukwezi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarahagarikiye amasezerano y’amahoro azokwibukwa mu mateka mu karere ko mu buseruko bwo hagati k’isi. Amasezerano aherutse yari hagati ya Isirayeli na Bahrein. Amasezerano ya mbere yari hagati ya Israyeli na Emirat z’Abarabu zunze ubumwe.

Ku neza y’amahoro n’ugufashanya, Bahrein yaremeye kugirana imigenderanire na Isirayeli. Ivyo bihugu bizokwugurura ambasade zavyo birungikiranire ababiserukira. Indege zizotangura kugira ingendo muri ivyo bihugu vyompi. Ivyo bihugu bizokorana mu bisata bitari bike harimwo ic’amagara y’abantu, ibijanye n’imirimo y’ubudandaji, ubuhinga bwa none, indero, umutekano n’uburimyi.

Imbere yaho Isirayeli yari imaze gushika ku masezerano y’amahoro n’ibindi bihugu vy’abarabu bibiri gusa mu myaka 72 imaze ishinzwe, nkuko bitangazwa na prezida wa Amerika, Donald Trump. Trump avuga ko afise icizere ko ibindi bihugu vy’abarabu bizokwirikira.

Amasezerano hagati ya Isirayeli na Bahrein na Emitat z’Abarabu zunze ubumwe azofasha kandi gushika ku masezerano arama hagati ya Isirayeli n’abanyapalesitina. Prezida w’Amerika Trump avuga ko intambwe mu nzira y’amahoro zashitsweko mu myaka itatu irangiye inyuma y’imyaka itari mike y’umutekano muke n’uruhagarara mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi:

Prezida Trump ati: Naragarukanye ukwizigirana n’ibihugu vyo mu karere dukorana. Turi hamwe twarazimanganije Reta ya Kiyislamu ijana kw’ijana, turakumira intagondwa zitukisha idini rya kiyislamu mu kuryitwaza hamwe n’ugutera umutekano muke. Muri iki gihe ibihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati k’isi no bindi bice bitandukanye vyo kw’isi biriko bija hamwe mu kwiyemeza kwavyo ku vyerekeye kwubaka kazoza keza kurushiriza katarangwa n’inkozi z’iki zibandanya kugira iterabwoba.

Prezida Trump yarashimiye abayobozi b’ibihugu vya Isirayeli na Bahrein ku butwari bwabo mu gushika ku masezerano azokwibukwa mu mateka: Prezida Trump avuga ati: Ubuyobozi bwabo buriko bwerekana ko kazoza gashobora kwerekana icizere gikomeye ah’ukurangwa n’intambara zo muri kahise. Mu gihe ibindi bihugu biriko bigirana imigenderanire na Isirayeli, mu vyo twibaza ko bizoba bidatevye, akarere ko mu buseruko bwo hagati k’isi kazorangwa kurushiriza n’umutekano n’iterambere.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika izobandanya kwifatanya n’abanyagihugu bo mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi mu gihe bariko bubaka kazoza keza kandi karangwa n’umwizero kurushiriza.

XS
SM
MD
LG