Accessibility links

Breaking News

Amerika Itera Ivyatsi Inyifato y'Abasirikare muri Mali


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Mike Pompeo
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Mike Pompeo

Prezida w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita, yahagaritswe kw’italiki 18 y’ukwezi kw’umanani igihe haba umugumuko w’abasirikare. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’itangazo yatangaje ko igihugu ciwe ciyamirije civuye inyuma umugumuko w’abasirikare muri Mali nk’uko bokwiyamiriza uwo ari we wese afashe ubutegetsi ku nguvu.

Mu gihe bivurwa ko Prezida Keita yarekuwe muri iki gihe ari I muhira iwe, hari ubwoba ko umutekano muke muri Mali ushobora guha inguvu intagondwa ziriko zirondera gushira imbere imigambi yazo ya kiyislamu muri Mali no mu bihugu bibanyi mu bishobora gutuma abasivile imiliyoni n’imilioni bava mu zabo.

Inyuma ya kudeta muri Mali mu mwaka w’i 2012, abarwanya ubutegetsi b’abayislamu bamwe muri bo bakorana n’umurwi al-Qaida barafashe ibice bitari bike vyo mu buraruko bw’igihugu harimwo igisagara ca Tumbuktu, umurwa mukuru ndangamico wa kera.

Mu bice biri mu minwe y’intagondwa z’abayislamu, abanyamali bategerejwe gukwirikiza amategeko ya kiyislamu, harimwo kurongoza ku nguvu abapfasoni. Ivyo vyarangiye inteko z’Ubufransa zifashije igisirikare ca Mali gutuza izo ntagondwa z’abayislamu. Yamara imirwi yitwaje ibirwanisho irabandanya kugeramaira abasivile mu bice vyo hagati mu gihugu. Ubwicanyi n’uruhagarara rw’iyo mirwi rwaratandukiye ibihugu bibanyi vya Mali: Burkina Faso na Nijeri.

Ku bw’amakuru ashikirizwa n’intangazamakuru, abantu barenga 10000 mu karere ko muri Afrika yo mu burengero barapfuye abarenga umuliyoni barahunga ingo zabo kuva mu mwaka w’i 2012.

Intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere ka Sahel, Peter Pham, yatangaje mu buryo butomoye mu butumwa ku rubuga Twitter ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ata myimenyerezo iriko iha inteko za Reta ya Mali muri iki gihe. Yongeye amenyesha ko Amerika idashigikiye ihindurwa rya reta mu buryo buciye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Vyaba bikozwe n’abari mu myiyerekano mu mabarabara canke inteko za reta.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirifatanije n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abandi bakorana mu makungu mu kwiyamiriza umugumuko w’abasirikare muri Mali. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, avuga ko ubwigenge n’umutekano w’abategetsi ba reta bapfunzwe n’imiryango yabo bitegerezwa kubahirizwa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika isaba impande zose za politike n’igisirikare gukora mu ntumbero y’ukusubizako reta yisunga ibwirizwa shingiro. Mike Pompeo avuga ko basaba impande zose muri Mali kugirana ibiganiro mu mahoro hamwe n’ukubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyabo n’ukugira amakoraniro mu mahoro hamwe n’ukwiyamiriza ubwicanyi n’uruhagarara.

XS
SM
MD
LG