Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’amakungu mu bihugu biteye imbere biri mw’ishirahamwe G7, birimwo Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubwongereza hamwe n’intumwa zo mu rwego rwo hejuru rw’Ubumwe bwa Buraya, bifatanije mu kwiyamiriza ihagarikwa n’ifungwa bifatiye ku mvo za politike ry’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya, Alexei Navalny, Basaba ko uwo munyepolitike yahagaritswe akiva mu Budagi kwivuza ishano yari yahawe, arekurwa vyihuta, atakirinze gusabwa.
Mw’itangazo ivyo bihugu biri muri G7 vyasohoye kuri ino dosiye ya Navalny, vyatangajekandi ko bitewe amakenga n’ibihumbi vy’abanyagihugu bahagaritswe bari mu myiyerekano yo gusaba irekurwa ry’uwo munyepolitike. Mu bahagaristwe harimwo kandi abamenyeshamakuru.
Ivyo bihugu bisaba Uburusiya kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’amategeko yo mu gihugu hamwe no kurekura abo banyagihugu n’abo bamenyeshamakuru batawe muri yompikw’igenekerezo rya 23 ukwezi kwa mbere, hamwe n’abahagaristwe mu mpera z’indwi iheze.
Muri iryo tangazo, ibihugu vyo muri G7 vyanditse biti: “ Inguvu zakoreshejwe n’abapolisi mu kuburabuza abari mu myiyerekano,babaka uburengazira bahabwa n’amategeko bwo gushikiriza ivyiyumviro, ntidushobora kuvyihanganira. Ibi bije vyerekana ingendo mbi yo kwugara urubuga ku batavuga rumwe na Reta, abari mu mashirahamwe yigenga n’abaharanira agateka ka zina muntu.”
Twibutse koNalvany yarusimvye mu kwezi kw’umunani mu 2020 ahawe ishano rikaze ririmwo ibikoreshwa mu gukora ibisasu vy’ubumara. Aha, G7 yibutsa ko iziririza ikoreshwa ry’ivyo birwanisho igasaba Uburusiya gukora amatohoza yimbitse kguraigatangeumuco. Ikoreshwa ry’ubwo bumara biza bisubiza inyuma demokarasi, bikazivya abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’ubwinshi bw’imigambwe mu Burusiya. Uko ni ko ivyo bihugu vyo muri G7 bibandanya bivuga mw’itangazo ryavyo.
Ivyo bihugu birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika bisozera bisaba bishimitse Uburusiya kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yose arimwo ayo kudahonyanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.