Turkiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, bimaze imyaka 70 bicuditse.Ugukorana hagati y’ivyo bihugu gufatiye ku nyungu rusangi hagati yavyo n’ukwubahana gushimikiye ku bisata bijanye n’umutekano, ugufashanya mu vy’ubutunzi n’ibijanye n’agateka ka muntu.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifatanije kandi na Turkiya mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba. Gufashanya muri ico gikorwa n’ikintu gikomeye cane hagati y’ivyo bihugu bibiri.Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Morgan Ortagus avuga ko, kubera ivyo bihugu vyompi vyagiye hamwe mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba, Amerika iherutse kwerekana ko idashigikiye na gato ingingo ya prezida wa Turkiya, Tayyip Erdogan y’ukwakira abategetsi babiri b’umurwi Hamas mu gisagara ca Istambul kw’italiki 22 y’ukwezi kw’umunani.
Nkuko Morgan Ortagus abivuga, Amerika n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi vyashize umurwi Hamas ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba. Abo bategetsi babiri b’umurwi Hamas bakiwe na Prezida Erdogan bari ku rutonde rw’abagira iterabwoba mu makungu. Umurwi Hamas wiyemeje kuzimanganya igihugu ca Israyeli n’ugushiraho Reta igendera ku mategeko y’idini rya kiyislamu kuva ku ruzi Yorudaniya gushika kw’ihabari Mediterane. Ibitero vyabo vy’iterabwoba bikorwako kenshi n’abasivile. Ibirwanwisho vy’uwo murwi birimwo misile, amabombe y’abiyahuzi, imbugita n’amayira y’iterabwoba yo musi y’ubutaka.
Ismail Haniyeh, umuyobozi akomeye mu vya politike w’umurwi Hamas, ni umwe mu bo prezida wa Turkiya, Tayyip Erdogan yakiye mu gisagara ca Istambul. Igihe Haniyeh yongerwa ku rutonde rw’abagira iterabwoba mu makungu mu mwaka w’i 2018, ubushikirangamji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwavuze ko ari umwe mu bayobozi bakomeye bagira iterabwoba ageramiye umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi. Bumenyesha ko ageramiye umugambi w’amahoro kandi ko agira ibitero ku bihugu vya Misiri na Isirayeli bicuditse na Amerika.
Umuntu wa kabiri Prezida Erdogan yakiye n’icegera c’umuyobozi mukuru w’umurwi Hamas, Salih al-Aruri. Al-Aruri yagirijwe ko yagize uruhara mu bitero vy’iterabwoba bitari bike hamwe n’ukunyuruza abantu. Niwe muntu yatangaje ko umurwi Hamas ariwo wagize igitero c’iterabwoba mu mwaka w’i 2014 canyuruje congera gihitana ubuzima b’imikangara itatu y’abanyayisrayeli mu ntara ya Cisjordaniya. Yarahayagije igandagurwa ryabo nk’igikorwa c’ubutwari.
Umugambi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, “Rewards for Justice” watanze amafranga agera ku miliyoni 5 z’amadolari ku wuzotanga amakuru azotuma ahagarikwa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Morgan Ortagus avuga ko inama yo mu kwezi kw’umunani yagira kabiri Prezida Erdogan yagiranye n’abayobozi b’umurwi Hamas muri Turkiya muri uyu mwaka.
Ortagus avuga ko kuba Prezida Erdogan abandanya kuvugana n’umurwi w’iterabwoba bituma igihugu ciwe gikumirwa n’amakangu. Amenyesha ko bigeramira inyungu z’abanyapalestina, kandi bigeramira utwigoro tw’amakungu tw’otuma ibitero vy’iterabwoba bidakorwa biturutse mu ntara ya Gaza. Atangaza ko babandanya kwerekana impungenge zabo ku migenderanire hagati ya Reta ya Turkiya n’umurwi Hamas ku rwego rwo hejuru.