Accessibility links

Breaking News

Ingene USAID Ihangana n'Imwe mu Migambi y'Uburusiya Idashemeye


Mu kiringo c’imyaka itari mike, Reta y’igihugu c’Uburusiya yararondeye kugeramira ubumwe buri hagati ye Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubulayi hamwe n’inzego za Demokrasi. Ivyo mu ntumbero y’igituma ibihugu bibanyi bizera kuri yo kurushiriza.

Ni co gituma mu gihe c’ici kirangiye, ikigo kijejwe iterambere mu makungu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, USAID, catanguje umugambi w’uguhagarika iyo migambi y’Uburusiya, CMKI, mu mpfunyapfunyo. Ikigo USAID kiriko kigerageza kugabanya utwigiro tw’Uburusiya tw’ukugeramira demokrasi n’ukwigwanako kw’uturere tw’Ubulayi n’utundi dukora ku Burayi na Aziya mu kwubaka inzego zikomeye mu vy’ubutunzi na demokrasi ku bihugu bikorana na Amerika muri utwo turere.

Icegera c’umuyobozi w’ikigo USAID mu karere k’Ubulayi na Aziya, Brock Bierman, avuga ko uwo mugambi uterekeye Uburusiya n’abanyagihugu baho na gato. Uwo mugambi CMKI ugenewe gufasha ibihugu gufata ingingo zavyo vyoneyene bwite, kugira ntibizere hanze n’ugutuma vyigenga kurushiriza kandi vyifatira ingingo zavyo ubwavyo.

Uwo muyobozi Bierman avuga ko uwo mugambi ushimikira ku bisata bine vy’umwihariko: Ubwa mbere na mbere werekeye demokrasi n’ubuyobozi bubereye. Ni akigoro k’ugufasha kwubaka inzego za demokrasi muri ivyo bihugu vyose, gutuma abanyagihugu batora abo bifuza ko babaserukira muri Reta.

Ubwa kabiri, avuga ko bariko bakora kugirabarwanye amakuru y’ibinyoma mu gushira imbere itangazamakuru ryigenga. USAID isanga ivyo ari nkenerwa cane cane ko abanyagihugu bashobora kwizigira aho amakuru baronka aba avuye. Ubwa gatatu USAID ifasha kandi mu bijanye n’amasoko ntanganguvu n’ukubona ko ifashije ibihugu bitandukanye kwigenga muri ico gisata.

Bierman avuga ko bakorera ahabona mu bitadukanye n’abategetsi b’Uburusiya. Asigura ko atari abategetsi b’Uburusiya gusa hamwe n’abo bakoresha barondera gutuma ibindi bihugu bizera kuri bo. Amenyesha ko hari n’ibindi bihugu bikoresha uburyo bugayitse butandukanye ku bindi bihugu biba bifise ibibazo. Ivyo bihugu birimwo Ubusshinwa n’amashirahamwe y’ubudandaji y’ico gihugu arangwa na ruswa n’ukudakorera mu muco.

Bierman ati: "Turiko turondera kubona ko dufasha ibihugu vyacu kwirwanako. Birumva amasezerano biba bigiraniye n’Ubushianwa. Tugerageza gutuma vyumva ko ubuhinga bikoresha buvuye muri ico gihugu bushobora gutera ibibazo ku bijanye n’umutekano n’amabanga. Turondera gutuma ivyo bihugu vyumva ibiri mu masezerano n’inkurikizi zavyo."

Icegera c’umuyobozi w’ikigo, USAID, Brock Bierman, ahanura uwo ari we wese ashaka kumenya ibirengeye aho ku mugambi CMKI kuja ku kibanza ca internet: https: ///www.usadi.gov/ kugira abone kurushiriza ivyo ico kigo gikora

XS
SM
MD
LG