Accessibility links

Breaking News

Sida: Umugambi wa Amerika Wataziriwe PEPFAR Warokoye Benshi


Ishusho y'umugambi PEPFAR
Ishusho y'umugambi PEPFAR

Igenekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri uko umwaka utashe amakungu arahimbaza umunsi wahariwe kurwanya virusi itera ubwandu bwa Sida. Ni itariki amakungu yongera kwibutsa ivy’ico kiza, akanibuka kandi abo cahitanye. Uno mwaka, icivugo cashimikiweko cagira kiti: “ Kurandurana n’imizi ikiza ca Sida, kongereza ubudahangarwa, no kugabanya ingaruka.”

Iki civugo co kimwe n’imigambi y’ikinjana yashizweho na ONU mu 2000 biza vyibutsa ko ari ngombwa y’uko abanduye bose baronswa imiti. Mu 2003, Reta yaramustwa Perezida George W. Bush aha muri Amerika yashizeho umugambi wo kwihutisha kurwanya Sida wataziriwe, PEPFAR. Uwo mugambi uri mu yikomeye yahujije ibihugu bitandukanye mu ntumbero yo kurwanya ikiza kimwe.

Kugera ino saha, abafise ubwandu bwa Sida kw’isi yose bagera ku miriyoni 38. Muri abo bantu, 68 kw’ijana gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu bari bararonkejwe imiti ipfufahaza. Hambavu y’ivyo bitigiri vyumvikana umenga ni ivy’umurengera, igisata ca ONU cishinze kurwanya Sida ari co, UNAIDS, kivuga ko abahitanwa na Sida bagabanutse gushika ku bice 60 kw’ijana ugereranije n’igihe ibitigiri vyigeze kuduga cane mu 2004, abandura nabo bagabanutse kugera ku bice 40 kw’ijana ugereranije n’ibitigiri vyo mu 1997.

Iyi ntambwe yatewe ahanini kubera inguvu Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zashize muri wa mugambi twababwira wataziriwe, PEPFAR. Mu kiringo c’imyaka yababa 18, uwo mugambi umaze kurokora ubuzima bw’abantu baharurwa mu muriyoni 20, utuma imiriyoni n’imiriyoni z’abantu batandukanye bakingirwa ikiza ca Virusi ya Sida. Uwo mugambi uri mu bihugu 50 watumye kandi ibihugu bikorana na Amerika bishobora guhangana na Virusi ya Sida.

Mu mpera z’ukwezi kw’icenda uno mwaka, abari bamaze kuronswa imiti ipfufahaza umugera wa Sida biciye muri uwo mugambi baharurwa mu miriyoni 17 n’ibihumbi amajana abiri kw’isi yose, mu gihe inzoya zigera ku miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri zavutse ku bavyeyi barwaye zakingiwe ubwandu biciye muri uwo mugambi nyene, hama imfuvyi za Sida zigera ku miriyoni 6 n’amajana indwi zishigikirwa muri uwo mugambi w’Amerika.

Uno mwaka, ikiza ca Covid-19 caje cunyura isibe mu nguvu zikenewe mu kurwanya ikiza ca Sida. Naho biri uko, ibihugu bikorana na Reta Zunze Ubumwe z’Amerika vyararonkeye akoyokwe muri za raboratwari zaronkejwe n’Amerika biciye muri wa mugambi nyene wa PEPFAR, gutyo bituma bigerageza kurwanya ubwandu bwa Covid-19, bidasize inyuma uguhangana na Virusi ya Sida.

Perezida w’Amerika Donald Trump agaruka ku vyo kurwanya ikiza ca Corona yavuze ati: “ Uburongozi bwa Amerika mu vyo kurwanya Virusi ya Sida biciye mu mugami PEPFAR burakomeye. Inguvu zashizwe muri uwo mugambi wa Prezida w’ubutabazi bwihuse mu kurwanya umugera wa Sida, President’s Emergency Plan for AIDS Relief, zatumye iki kiza gishobora kurwanywa mu kibano ca sosiyete zitandukanye. "

XS
SM
MD
LG