Accessibility links

Breaking News

Trump Yarahagarikiye Amasezerano Hagati ya Maroke na Israyeli.


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yarahagarikiye ayandi masezerano akomeye hagati y’ibihugu vya Maroke na Israyeli. Ni amasezerano nkayo y’incuro ya gatanu yapfunditswe mu kiringo c’amezi atanu. Mu ndwi ziri imbere, Israyeli na Maroke bizosubira kugirana imigenderanire yuzuye.

Amasezerano ivyo bihugu vyompi vyashitseko azotuma indege z’igihugu kimwe zirekurirwa guca hejuru y’ikindi n’indege zitwara abantu ziva amu gihugu kimwe kikaja mu kindi ata handi zibanje guca.Ayo masezerano azoteza imbere kandi ugukorana mu vyerekeye ubutunzi hagati y’izo mpande zompi.

Maroke iriko Yubakira ku kubana neza kumaze igihe kirekeire kwigaragaza n’abayahudi baba muri ico gihugu no mu bindi bice bitandukanye vyo kw’isi harimwo Israyeli bifatiye ku masezerano aherutse gupfundikwa hagati y’izo mpande zibiri. Ayo masezerano arakomeza kurushiriza umutekano wa Israyeli, mu gihe atuma haba imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati y’izo mpande 2, akongera agatuma ubuzima bw’abanyagihugu bazo bumera neza kurushiriza.

Mu mwaka w’i 1777, igihugu ca Maroke cabaye ica mbere cemeye kugirana imigenderanire na Reta zunze ubu mwe za Amerika. Muri uyo mwaka nyene, Maroke yaruguye ibivuko vyayo ku bwato bwa Amerika. Ivyo vyarekuriye Amerika kugira ubudandaji hamwe n’ugushigikira urugamba rw’ukurwanira ubwigenge.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pompeo yavuze ko bari hamwe na Israyeli na Maroke batangarije amakungu ko bashimikiye ku vyerekeye kubona ko iterambere n’umutekano bisasagaye mu bihugu vyabo no mu banyagihugu bavyo. Prezida wa Amerika, Donald Trump yaremeye ubutegetsi bwa Maroke ku ntara ya Sahara yo mu burengero.

Umushikiranganji Pompeo avuga ko Amerika ibandanya kwemera ko ibiganiro arivyo vyonyene bishobora gutorera inyishu ibibazo biri hagati ya Maroke n’umuhari Polisario urondera ukwikukira w’intara ya Sahara yo mu burengero. Mike Pompeo avuga ko bemera ko ivyo biganiro vyotegerezwa kuba hisunzwe umugambi w’igihugu ca Maroke werekeye ukwigenga kw’iyo ntara.

Atangaza ko utwigoro twa Maroke tw’uguharanira ukwihanganirana bifatiye ku madini ari utwigoro tw’uguhayagiza. Amenyesha ko ukugene ico gihugu mu mateka yaco cakingiye abayahudi baba ku butaka bwayo kigashira imbere ubwigenge bufatiye ku madini mu vyatangarijwe mu gisagara ca Marrakech, no mu masezerano mashasha na Israyeli, ivyo ari bitanga akarorero mu karere no mu makungu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo avuga ko igihugu ciwe, Israyeli na Maroke vyijukiye amahoro, ko kubera izo mvo vyagiriye akamaro gakomeye amakungu.

XS
SM
MD
LG