Accessibility links

Breaking News

Venezuela: Amerika Ishigikiye Perezida w’Imfatakiibanza Juan Guaidó


Juan Guaidó
Juan Guaidó

Muri Venezuela, Perezida Nicolas Maduro ari ku butegetsi binyuranye n’amategeko co kimwe n’abagizie reta yiwe, bakomeje kwanka kuburekura. Imwe mu mikenyuro bafashe ngo vyanke bikunde bumire kuri ubwo butegtsi, harimwo ugusibanganya inzira yose y’icitwa Demokarasi: Maduro akarorero arategekanya kwiba amatora y’abashingamateka azoba itariki ya gatandatu y’ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka. Aka ni kamwe mu burorero sindamusiga

Igenekerezo rya mbere ukwezi kw’indwi uno mwaka, umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Venezuela ni ho wavuga ko amatora azoba mu kwa cumi na kabiri itariki zitandatu. Perezida Juan Guaidó afatwa nk’uwimfatakibanza kandi yemewe n’amategeko yaratanze kumugaragaro ivyemeza vy’uko uwo murwi washizweho mu manyanga atawowizera, bitumwe n’uko abawugize bose bagenywe n’umushingwamanza mukuru wa Venezuela ari mu kwaha kwa Maduro.

Ibi, bituma abanyevenezuela bose batemera Maduro bashobora kutazakwitabira amatora. Abagize imigambwe 37 itavuga rumwe n’ubutegetsi muri ico gihugu, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike agera ku 107 bo baramaze kuvuga ko batazokwitabira ayo matora yo mu kwa cumi na kabiri, mu ntumbero yo gushigikira Perezida Guaidó : Basiguye ko kwitabira ayo matora, vyoba ari ugukamira mu coze no gushigikira intwaro y’igikenye ya Prezida Maduro.

Mu kwihora no gutoba ugusenyera ku mugozi umwe kuranga imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela, Perezida Maduro ari ku butegetsi binyuranye n’amategeko yasubirije indongozi z’imwe mu migambwe ifata iya mbere mu yitavuga rumwe nawe, n’abamuyoboka. Aba bayoboke biwe, bemeza ko ari bo baramustwa imigambwe itatu muri ine ikomeye mu yitavuga rumwe na reta yiwe.

Imanza zose zashinzwe kuri ico kibazo, zaheze umushingwamanza mukuru w’igihugu avuze ko zitsinzwe n’abo bayoboke ba Maduro, gutyo iyo migambwe ishirwa mu minwe yabo. Ibi, vyatumye iyo migambwe yibwe itagikora ivyo yari yishinze bivuye ku biturire gutyo iba itanguje inkinamico y’abiyita abatavuga rumwe na reta

Iyo migambwe yose iri mu kwaha kwa Maduro igashaka guhuma amaso yiyita iy’imurwanya yavuze ko ata gisivya izokwitabira amatora y’abashingamateka ategekanijwe mu kwa cumi na kabiri. Ubushikiranganji bujejwe ivy’ubutunzi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, kubw’ivyo bwafatiye ibihano abagirwa no gukorana na Maduro mu mugambi wiwe wo kwambura abanyevenezuela uburenganzira bwo kwitorera indongozi biciye mu matora yizewe.

Abafatiwe ibihano nkuko biri mw’itegeko nomero 13692, ni José Bernabé Gutiérrez Parra; mwene wabo Miguel Antonio José Ponente Parra; Guillermo Antonio Luces Osorio; Chaim José Bucaran Paraguan; na Williams José Benavides Rondón. Umushikiranganji ajejwe ivy’ubutunzi muri Reta Zunze Ubumw za Amerika, Steven Mnuchin, yagize ati: “ Reta Zunze Ubumwe z’Amerika iracahagaze ku cemezo cayo c’uko Maduro n’abamushigikiye bose babazwa ivy’ibiturire, gutyo abanyevenezuela bakabona amatora atunganijwe mu mwidegemvyo kandi yizewe’

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zishigikiye Perezida w’imfata kibanza Guaidó afatwa nk’intwari mu vya demokarasi no gutuma Venezuela yongera kurangwa nayo.

XS
SM
MD
LG